Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko hari umuporisi w’Uburundi yakorera ku kirindiro c’i Mabayi, mu ntara ya Cibitoke, yahagaritswe n’igiporisi c’Urwanda ku mugoroba wo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2018.
Amakuru dukesha urubuga rwa Twitter rw’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwo muporisi azwi kw’izina rya APC IRAKOZE Theogene yahagaritswe nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’iminota 45 n’abajejwe umutekano b’Urwanda.
Ayo makuru nyene, amenyesha ko APC IRAKOZE Theogene yahagaritswe, mu gihe yari ajabutse urubibe akinjira mu gihugu c’Urwanda adakurikije amategeko.
Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko vyavuye ku kaborerwe, ariko ko batanguye kuvugana n’abajejwe umutekano mu gihugu c’Urwanda, kugira agarukanwe mu Burundi.