Icegeranyo ca HRW: Abantu 19 baramaze gukubagurwa kuva mu kwa 12 mu Burundi

Ishirahamwe Human Right Watch rivuga ko abajejwe umutekano n’urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi bishe, barakubira baratera n’ubwoba abantu babonwa ko badashigikiye kamarampaka yotuma ibiringo vy’umukuru w’igihugu bihinduka.

Prezida Nkurunziza ariko aratwara ikiringo ciwe kigira gatatu cateye impari nyinshi, amaze imyaka 13 arongoye Uburundi.

ishirahamwe HRW rivuga ko abantu 19 ari bo bamaze kumenyekana ko bagiriwe nabi kuva itariki 12 z’ukwezi kwa cumi na kabiri, aho prezida yamenyesha umugambi wo gukoresha amatora ya kamarampaka mu kwezi kwa gatanu mu 2018.

Amashirahamwe atavuga rumwe na reta avuga ko umugabo umwe yakubiswe gushika aho yitaba Imana kubera yanse kwerekana agapapuro kerekana ko yiyandikishije muri ayo matora.

HRW ivuga ko benshi mu bagiriwe nabi ari abayoboke b’umugambwe utavuga rumwe na reta wa FNL.

« Abategetsi b’Uburundi hamwe n’imbonerakure baracura bufuni na buhoro abantu ata nkomyi kugira prezida Nkurunziza ashobore kuguma ku butegetsi », ni Ida Sawyer, arongoye HRW mu karere ka Afrika yo hagati avuga.