Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Ihanga ry’Abarundi n’uburundi

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA UBURUNDI N’ABARUNDI YO KUWA 11/04/2018 na 21/04/2018

Nkuko twabitegetswe N’uhoraho IMANA ko ku misi ya gatatu niya gatandatu twama dufise amasengesho gusengera UBURUNDI N’ABARUNDI.

URUFATIRO

————

« Twiyambure ivyo vyose bishaka kutubuza gushika kumasezerano ».

Ukuboko kwawe cank’ikirenge cawe ni hagira ikigutsitaza muri vyo, ugice, ugite kure, vyokubera vyiza kwinjira mubugingo ucitse igikonjo cank’ikirenge, hagutererwa mumuriro utazima ufise amaboko yompi n’ibirenge vyompi.

Matayo18:8-9,

Matayo 5:29-30

IVYO MPEMU YERA AHISHURA:

Abantu benshi baratsitazwa n’ibihenda maso bakibagirako har’Imana mw’ijuru ihishura amabanga bagasamazwa nibitomasamaje, bakishimisha, bakishimira imibiri ibora, bagatwarwa nivyo imibiri yabo igomba bakibagako ari uruhendo ko ivyo vyose ari vyakanya gato.

Ni muraya masengesho nyene duhamagrirwa kwitandukanya nivyo vyose Mpemu Yera yanka vyotuma tutazobona ijuru, canke se vyotuma tutazobona ivyo Imana yaseraniye twebwe abana bayo, dutinye icaha duharanire gukora ivyo yadutegetse, twiyegereze Imana nayo izotwegera, tuyubahe twibahe nabo yadusize imbere ngo baturongore, ivyo vyose nitwabikora bizotuma natwe itwemere ndetse no kuri wa musi ugiye kuza tuzohagarare tudatinya (Matayo 10:33)

IVYO GUSENGERA

——————

-Gusengera abo Imana yatoranije kuyobora Ihanga.

-Gusengera Ihanga RY’IMANA.

-Abadiyakoni

-Impunzi

-Abarwayi

-Abanyororo

-Impunzi

-Impfuvyi

-Abapfakazi

-Abatama n’abatamakazi

-Abari mugendo zitandukanye z’ihanga RY’IMANA

-Gusengera amasezera ku burundi no ku muntu kugiti ciwe

-Gusengera abari mubikorwa bose vy’Ihanga RY’IMANA.

Tubaye turabashimira kukigoro no gushobozwa n’Imana bizobaranga mu kwitabira ayo masengesho no kuyahamagarira(kuyararikira) bagenzi bacu.

Ni dusangwe IMANA UBURUNDI N’ISEZERANO.

Bigiriwe I Bujumbura kw’igenekerezo rya 17/04/2018

http//:www.abisezerano. com

Publicités