Kayanza : Babiri bagirizwa gutera gerenade baciriwe gupfungwa ubuzima bwose

Sentare nkuru y’intara ya Kayanza yaraciriye igihano co gupfungwa ubuzima bwose abagabo babiri bagirizwa gutera gerenade, igahitana abantu babiri bitavye Imana, abandi batari bake bagakomereka.

Abo bagabo babiri bagirizwa ko bateye gerenade ku mutumba Kivoga wa komine Gahombo, intara ya Kayanza, mw’ijoro ryo kuwa gatandatu, igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2018.

Inyuma y’amasaha makeya ico gitero ca gerenade kibaye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga Ibiza, Pierre NKURIKIYE, yavuze ko icatumye iyo gerenade iterwa bari bamaze kukimenya.

Umuvugizi w’ubushikiranganji yemeje kandi ko uwikekwa gutera iyo gerenade hamwe na babiri bafadikanije baciye bahagarikwa.