Ku munsi wa kabiri w’imyiyamamazo ubutumwa ni EGO canke OYA

Ku munsi wa kabiri w’imyiyamamazo y’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, imigambwe hamwe n’Urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi babandanije ibikorwa mu ntara zitandukanye z’igihugu. Umugambwe CNDD FDD wagiye ahanini mu ntara za Karusi na Mwaro, mu gihe Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bagiriye imyiyamamazo mu ntara ya Kirundo na Muyinga

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu, yari mu ntara ya Rutana, aho ubutumwa yari yajanye bwari uguhamagarira abarundi gutora EGO, mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Mu ntara ya Karusi, umugambwe CNDD FDD waserukiwe na Pascal NYABENDA arongoye inama nshingamateka, mu ntara ya Mwaro hagiyeyo umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO.

Abo mu mugambwe CNDD FDD nta bundi butumwa bitwaje, atari kurarikira abanyagihugu gutora EGO mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, bahejeje gusigura ineza y’iryo bwirizwa nshingiro.

Mu gihe abo mu mugambwe uri ku butegetsi bariko bahamagarira abarundi gutora EGO, mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bahamagariye abarundi gutora OYA, basigura ko ibwirizwa nshingiro ryemejwe rizoba rije gucinyiza uruhande rumwe rw’abarundi.

Mu Runani rw’Abigenga AMizero y’Abarundi babandanirije ibikorwa mu ntara ya Muyinga, ijambo rikaba ryari rimwe, iryo guhamagarira abarundi gutora OYA, kuko ku bwabo iryo bwirizwa nshingiro umugambwe umwe warigunganije.

Mu mugambwe UPRONA, umukuru w’uwo mugambwe yari yajanye ubutumwa, mu ntara ya Ngozi, mw’ikambi y’abateshejwe ivyabo, iri ku Ruhororo.

Ubutumwa bwaru gutora EGO, mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro , ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Publicités