Abantu 95 nibo bapfuye abandi barakomereka inyuma y’imvura nyinshi yatumye amazu n’ibiti bibomoka bigahitana ubuzima bw’abantu mu ntara za Uttar na Rajasth mu buraruko bw’igihugu c’Ubuhundi.
Amakuru dukesha iradiyo y’Abongereza BBC, amenyesha ko imvura yaguye yatumye ibitungwa bipfa,umuyagankuba uracika,amazu arononekara hamwe n’ibiti vyaguye.
Abajejwe intwaro muri ivyo bice, bavuga ko igitigiri c’abantu bapfuye gishobora kwiyongera umwanya n’umwanya, kuko hari abakironderwa mu bihomoka vy’amazu.
Ayo makuru abandanya avuga ko abajejwe intwaro basavye abajejwe ibikorwa vyo gutabara kwihuta gufasha kandi ko Reta y’ico gihugu yemeye kuzotanga amadorare ibihumbi 6 nk’agashumbusho ku miryango yabuze.
Abari mu bikorwa vyo gutabara bavuze ko, ribaye irya mbere babona imvura yisegenya nk’iyo ishobora kwonona ibintu gushika kuri urwo rugero.