Umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, umushingamateka Agathon RWASA, avuga ko umurwi w’abantu wagiye ahabona ukavuga ko userukira Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi utazwi mu runani arongoye. Agasaba umukuru w’umurwi utegura amatora CENI gukoresha ubushobozi ahabwa n’amategeko, mu guhagarika ico cose kiriko gihungabanya imyiyamamazo y’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi mu gihugu cose.
Mw’ikete umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, yandikiye umukuru w’umurwi CENI kuw’Imana igenekerezo rya 6 Rusama 2018, amenyesha ko bamwe mu bajejwe intwaro n’abajejwe umutekano babuza abanyagihugu kwitaba imyiyamamazo y’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi.
Muri iryo kete, umushingamateka Agathon RWASA avuga kandi ko hari akarwi karongowe n’uwitwa Reveriyano NIYIMPA yahoze avugira Yakobo BIGIRIMANA arongoye umugambwe FNL wemewe n’ubutegetsi batunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru mw’izina ry’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano ntibagira ico bakora kandi batazwi mu Runani.
Umushingamateka Agathon RWASA yibutsa ko Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi arongoye, arirwo rwonyene rwiyandikishije mu murwi CENI kugira rugire imyiyamamazo y’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.
Umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, ahamagarira umukuru w’umurwi CENI n’abajejwe intwaro gukurikiranira hafi abahungabanya imyiyamamazo y’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,mu ntumbero yo kwubahiriza amategeko n’umutekano.