Gutanga imbabazi ni ikimenyetso c’abamenye Imana, isuzume rero!

🌈GUHARIRA ABATUGIRIYE NABI,NIRWO RUPIMO RWEREKANA KO TWA MENYE ,IMANA🌈

MATAYO 18:15_16_17_18_19_20

15/Mugenzawe ni yakugirira nabi,ugende umuhishuke mwiherereye,ni yakwumvira,uzoba wigaruriye mugenzawe.

16/Ariko n’atakwumvira,ujane umwe canke babiri,kugira ngw ijambo ryose rize riringanizwe,bivuye Mu kanwa k’ivyabona bibiri canke bitatu.

17/N’atabumvira ubwire ishengero,ni yanka kwumvira ishengero n’a ryo,kuri wewe azoba nk’umunyamahanga n’umutozakori.

18/Ndababwire ukuri:Ivyo Mu zohambira mw isi vyose bizoba bihambiriwe no mwijuru;Kand’ivyo muzohamburura mw isi vyose bizoba bihamburuye no mw ijuru.

19/Kandi ndababwira ukuri yukw ababiri muri mwebwe nibahuriza inama mw isi gusaba ikintu cose,Data wo mw IJURU azokibakorera.

20/Kukw Aho babiri canke batatu bazoba.bakoraniye mw izina ryanje,nanje nzoba ndi hagati muri bo.

ABALEWI 19:17_Ntihaze hagire uwamanira akazika uw’iwabo Mu mutima wiwe’ariko ntaz’abure kumuhanura,kugira ngo ntibimukwegere icaha kubw’uwo.🙏AMAN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏