Umutumiro w’amasengesho y’Ihanga ry’Imana yo gusengera uburundi n’abarundi

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA UBURUNDI N’ABARUNDI YO KUWA 09/05 NA 12/05/ 2018

Bene Data mwese, bavukanyi muri Kristo, shalom! Twagira tubibutseko kur’uyu wa gatatu no kuwa gatandatu dufise amasengesho yo gusengera Uburundi n’abarundi Uhoraho Imana yaduhamagariye.

URUFATATIRO:

Uhoraho Imana arakunda Ihanga ryiwe, kandi ariteguye kujana n’abo yatoranije. Twitegure guhagurukana nawe.

-Igisomwa : 1samuel 17:48: “Nuko wa mufilisitiya atanguye kuza ngo ahure na Dawidi, Dawidi arabandanya atumbereye ingabo z’abafilisitiya ngw’ahure n’uwo mufilisitiya nyene.

-Indirimbo: 316(kwimbura) 108 ( Je nd’umukristo).

IVYO MPWEMU AHISHURA:

-Imana ntijana n’uruvange, abantu barivanze n’abanyavyaha, amoko, imigambwe, amadini n’ibindi bihumanya bituma isezerano riteba.

-Inyigisho z’ibinyoma, abishusanya n’ibikogwa vy’abihumanije vyazanywe mw’Ihanga mugabo Uhoraho agiye kwiyerekana ashire ahabona ibihumbwa vyishushanya n’imbuto z’ukuri.

IMITWARO:

1. Gushimira Uhoraho ku bikogwa vyiwe bitangaje.

2. Ubugombe bw’Imana bushike mw’ihanga ry’Imana.

3. Gusambuza inkomezi za satani na goliyati.

4. Imana ihe inkomezi abakozi bayo kuva k’umurongozi w’Ihanga, abamwungirije, aba pastori, abadiyakoni, abaririmvyi, abasenzi, abavugishwa n’abazera bashasha.

5. Gusengera no gushika ku bari mu bibazo bitandukanye: abari mu mabohero abagwaye, n’abahunze. Tukaba turangije tubipfuriza kuroranirwa mur’ico gikorwa ciza, murakoze!

Bigiriwe i Bujumbura kuwa 08/05/2018

abisezerano.com

Publicités