Ijambo ry’Imana: Nta co kurwanisha bacuriye kukurwanya kizogira ico kimara;kand’ururimi rwose ruzohagurukira kukuburanya,ruzogobwa

UHORAHO AHABWE AMASHIMWE N’ICUBAHIRO KUKO ASHOBOYE VYOSE.

YESAYA 55:17 Nta co kurwanisha bacuriye kukurwanya kizogira ico kimara;kand’ururimi rwose ruzohagurukira kukuburanya,uzorutsinda.Ivyo nivyo mwandu w’abasavyi banje,jewe Uhoraho, kand’ukwo ni kwo kugororoka kwabo kwanduruka kuri jewe; ni jewe Uhoraho mbivuze.

satani ararwanya umurimo w’Imana n’abakozi b’Imana ariko Uhoraho ntazomukundira kunesha.

Uhoraho arashaka ko tumwumvira muri vyose nahose kugira nawe aronke ingene akora ibitangaza bitandukanye bitewe nuko twamuhaye imitima yacu n’ivyacu vyose ngw’atuganze.

ndagusavye Ncuti ngo wisengere,wiyeze kuri kanini na gato hama,Uhoraho akwigaragazeko, ubone ko utihenze guhitamwo Kwizera Yesu Kristo. Amen

saba Imana ikurinde kuyivako nokuyihemukira kuko izokuragiza abamalayika bayo ngo bakurwanirire muri vyose nahose, kunda gusenga uzonesha ibibi,ivyaha n’ivyago.

Mukunzi mwiza Uhoraho turagushimiye mw’izina rya Yesu Kristo kubw’amajambo yawe uduhaye none turakwinginze ngo ushishikare kuturinda munzira zacu,ntutujane mubitwosha nabi, ni muri Yesu umukiza wacu dusenze twizeye,Amen.

Publicités