Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rihamagarira Reta y’Uburundi kwubahiriza amasezerano ya Arusha

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, rimenyesha ko rirajwe ishinga n’ingene imyiteguro y’amatora yo kwemeza canke guhaka ibwirizwa nshingiro iriko iragenda. Rivuga ko ari amatora atitabwe na bose, kandi ko rishigikiye ivyashikirijwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryasavye ko hoba ukwumvikana ku mpande zose.

Mw’itangazo ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryashize ahabona kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Rusama 2018, rimenyesha ko amatora y’ibwirizwa nshingiro aza asubiza inyuma ibiganiro bihuza abarundi bihagarikiwe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, bishigikiwe kandi n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, rimenyesha ko ridashimishwa n’ihagarikwa ry’iradiyo BBC n’Ijwi rya Amerika, kandi ko bishobora gutuma hataboneka amakuru akwiye ku matora y’ibwirizwa nshingiro.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha kandi ko rikurikiranira hafi ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi, aho hari abaharanira agateka ka zina muntu babandanya guhagarikwa nka Germain RUKUKI.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rihamagarira abategetsi b’Uburundi kwubahiriza amasezerano ya Arusha, yafashije kugira ubutegetsi buhanahanwe mu mahoro, yafashije kandi kugira haboneke amahoro n’umutekano mu karere.

Publicités