’’ Mu gihe c’amatora hamye havugwa ibihuha’’-Pierre NKURIKIYE

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umtekano no gukinga ibiza, amenyesha ko amakuru amaze iminsi avuga ko hari abantu biba abana ari ibihuha vyama bizanana n’amatora, mu ntumbero yo gutera ubwoba abanyagihugu. Pierre NKURIKIYE asaba ko uwozimiza umwana wese yoca yitura abajejwe umutekano kugira bamufashe kurondera umwana yazimiye.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 9 Rusama 2018, Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, amenyesha ko ata na rimwe inzego zijejwe gutohoza zabonye ko kunyuruza abana vyabaye mu Burundi.

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi, avuga ko ivyabaye ari ubugizi bwa nabi busanzwe buva ku rwangara rw’abavyeyi, aho usanga bamwe muri abo bavyeyi batuma abana bato bagaca bazimira, canke bakabasiga ku mwugaro bagaca baja gutembera bakazimira.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, avuga ko ibiriko biravugwa muri iki gihe ari ibihuha bisanzwe bimenyererewe, kuko mu gihe cose c’amatora vyamye vyibonekeza, bifise intumbero zitandukanye.

Ati :« Mu gihe cose c’amatora hama haduka igihuha gitera ubwoba abanyagihug. Amatora yose yama azanana n’igihuha, gica ivutu abanyagihugu, ababizana bafise intumbero yo guhungabanya umutekano canke izindi mvo za poritike. »

Pierre NKURIKIYE asaba abantu ko borema, bagatekana kandi bagakora ibikorwa vyabo mu mutekano, kuko ata murwi uhari unyuruza abana, ata n’umuntu arafatwa yanyuruje umwana amujana mu bintu vy’ibintazi.

Ahamagarira abavyeyi kurikanura kuko hari abatitaho abana babo, akabasaba kandi gusubira kw’ibanga ryabo ryo kwitaba abana.

Publicités