Reta Zunze Ubumwe za Amerika zavuye mu masezerano ya Irani

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yamenyesheje ko igihugu ciwe kivuye mu masezerano ya Irani agenga ibirwanisho ruhonyanganda vya Nikereyere. Hassan Rohani, umukuru w’igihugu ca Iran ku ruhande rwiwe, yavuze ko agiye kubandanya ibiganiro hamwe n’abanyaburaya, abarusiya n’abashinwa kugira barabe ko ayo masezerano yogumaho.

Igenekerezo rya 8 Rusama 2018, ryari ririndiriwe n’amakungu hamwe n’ibihugu bitari bike kw’isi, kugira bimenye ico umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika akora ku masezerano yo mu gisagara ca Vienne agenga nikereyere y’igihugu ca Irani.

Donald Trump yavuze kandi ko ica isubizaho ibihano kuri Irani, ivyo navyo bikaba bishingiye ku rudandazwa rw’igitoro, uguhanahana amadorare y’abanyamerika hagati ya Amerika na Irani,guhanahana ibidandazwa biciye mu ndege, hamwe n’urudandazwa rw’ivyuma.

Igihugu ca Isirayeri hamwe n’igihugu ca Arabiya Sawudite bavuze ko bashimishwa n’ingingo ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, nayo Donald Trump akaba yahaye ibindi bihugu hagati y’iminsi 90 n’180 kugira bibe vyavuye muri ayo masezerano.

Barack Obama yari arongoye Reta Zunze Ubumwe za Amerika igihe ayo masezerano yashirwako igikumu mu mwaka wa 2015, yavuze ko ivyakozwe na Donald Trump ari ikosa rikomeye.

Mu gihugu ca Irani, ntibatevye kwerekana umubabaro ku ngingo ya Donald Trump, kuko bamwe mu bashingamateka aho bari aho bagirira ianam, bahavuye bafata ingingo yo guturira ibendera ry’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ku rundi ruhande, urubuga rw’iradiyo BBC rumenyesha ko,abanyeporitike bo hirya no hino kw’isi biyemeje guhangana na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu kugumizako amasezerano na Irani ku mugambi wayo w’inguvu za nucleaire.

Mu rwandiko ibihugu vyose bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya vyashize ahabona, vyavuze ko bitazosubira gufatira ibihano igihugu ca Irani nk’uko Amerika yavyipfuje.

Ibihugu vy’Uburusiya n’Ubushinwa vyovyo bivuga ko bishaka ko ayo masezerano agumaho.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s