Umumenyeshamakuru w’Iradiyo Ijwi rya Amerika, yatswe ibikoresho n’uwutwara igendereza mu ntara ya Kirundo

Urwego rw’igihugu rugenzura ingene ibinyamakuru bikora CNC, rumenyesha ko naho amaradiyo BBC y’abongereza n’ijwi rya Amerika yahagaritswe kwumvikana mu Burundi, abamenyeshamakuru bayo bashobora kubandanya bakora umwuga wabo wo kumenyesha amakuru.

Mw’itangazo ry’urwego CNC ryo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Rusama 2018, rumenyesha ko rwakiranye umubabaro ivyashikiye umumenyeshamakuru w’iradiyo Ijwi rya Amerika, mu ntara ya Kirundo, Jean Bosco NDARURINZE.

Muri iryo tangazo, urwego CNC mu ngingo zo kw’igenekerezo rya 4 Rusama rwahagaritse ibiganiro vy’amaradiyo BBC n’Ijwi rya Amerika, ariko abamenyeshamakuru bayo babandanya gukora umwuga wabo, mbere bakamenyesha CNC mu gihe habaye ingorane.

Urwego CNC, rutera akamo abajejwe intwaro ku nzego zose, gukomeza ugukorana hamwe no kwumvikana hagati yabo n’ibinyamakuru.

Urwego CNC, rurangiza iryo tangazo rumenyesha ko rwiyemeje kubandanya gukorana n’ibinyamakuru, no kugenzura ko ubwigenge bwo kumenyesha amakuru ari ukuri mu Burundi.

Umumenyeshamakuru w’Iradiyo Ijwi rya Amerika, yatswe ibikoresho n’uwutwara igendereza mu ntara ya Kirundo, kur’uno wa mbere igenekerezo rya 7 Rusama 2018, mu gihe yari agiye gukurikirana amakuru y’imyiyamamazo y’umugambwe CNDD-FDD.

Publicités