Ibihugu 9 bibanyi vya Kongo vyagabishijwe kubera ebola

Ishirahamwe mpuzamakungi rijejwe amagara kw’isi, OMS, rivuga ko ryagabishije ibihugu icenda bihana urubibe na Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo kubera ikiza ca ebola kiharangwa.

Ariko OMS ivuga ko hakiri kare kugira ico kiza kibe cokwira hose mu karere, ngo ariko bariteguye mu buryo bwose kandi ngo ntibashobora kubifata minenerwe.

Gushika ubu hari abantu cumi n’umwe bakekwa kuba baranduye mu ntara ya Equateur mu buraruko bushira uburengero bwa Kongo.

OMS yizera ko abajejwe intwaro muri Kongo bazokwemera ko hakoreshwa urukingo rukiriko rurageragezwa.

Mu 2014 abantu barenga ibihumbi cumi na kimwe barahitanywe n’ikiza ca ebola mu burengero bwa Afrika.

Publicités