YESU ARAJE KWIMBURA NO KURIMBURA!
YESU NI YAMAMARE
Ivyahishuriwe Yohana 22:12-15
12.Ehe ndaza mvuba nzanye ingororano, ngo ngororere umwe wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.
Ayo n’amajambo YESU ariko atubwira ngo araje kukwishura kuvyiza wakoze, nivyo koko wakoze ineza? YESU araje kukwishura Unezerwe 👍
Ayo majambo atubwiye kandi ko n’uwakoze nabi atazotaha uko, nawe nyene azohembwa kuko yarakoze,
Ubwose wakoze nabi? Nyene urumva ur’umunyakibi, umwicanyi, umusambanyi, uwisambanya, umusuma, umubeshi, uwusenga ibishushanyo, ibibumbano, uwutukana, uwanka mugenzi we, umuntu adatanga imbabazi,kwisuka muvy’isi n’ibindi bibabaza IMANA, n’abo mubana,
Ivyo vyooooos, YESU Avuze ngo ko wabikoze, AZOGUHEMBA!
Bakundwa, kuja Gusenga misi yose, ntibikubuza Gukora ICAHA, ariko iyo utaramenya ko Gukora ICIZA aribwo buzima bw’Abana B’IMANA,
Uracari mumwijima kdi YESU ari UMUCO
Ayo madini yanyu mwirata, ntazobaburanira kuko azoba atakiriho
Umutima wawe, utawigishije gukora ineza,
KWIHANA BIDASUBIRWAMWO
YESU avuze ngo Araje ADUHEMBE TWESE kuwakoze NEZA, n’uwakoze NABI!
YESU aragororotse, ntarenganya!
Ubu butumwa, ubusabikanye abandi, bamenye ngo :ARAJE n’Umujinya wokurimbura Abihana basubiramwo ivyo bihanye,nk’imbwa isubira kuvyo yavomishije! YESU biramusesema, niyompamvu aje!
WIHANE kuri gito na Kinini!