Satani yigira umumalayika w’umuco kandi akazimiza benshi bo muri twebwe.

Yesu ashimwe cane. Shalom! TUGIYE KUYAGA IJAMBO RIVUGA NGO TWUBAHE IMANA,NTITUBE INYANDURUKO Y’IBITSITSAZA,CANKE Y’IVYAHA. Yesaya1:3 inka irazi nyeneyo,n’indogoba irazi ubwato bwa shebuja:arikw’Abisirayeli bo ntaco bazi,abantu banje ntaco batahura. Uhoraho atwongere ugutahura ivy’iki gihe,kuko satani yigira umumalayika w’umuco kandi akazimiza benshi bo muri twebwe.

unomusi ngomba kuvugana cane n’abigeme hamwe n’abakenyezi: Muriyubare kubijanye n’inyambaro kuko hariho iinyambaro womengo ninziza ariko itabereye umwigeme n’umumama akijijwe.

mumyaka ishize satani yazanye style yitwa mukondo out (umukondo hanze) bica bibonekana nkuko uwambaye iyo nyambaro wese ari malaya kandi benshi barashoboye kuvyirinda.

Munyuma yazanye nouveau modèle (style igezweho) ugasanga urambaye ariko igikiriza cawe kiri hejuru, amabere yawe agendera hejuru. izompuzu zishobora kuba amaribaya(ishono),n’izindi zitandukanye.

MENYA NEZA: amabere yawe ubwirizwa kuyanyegeza,ntiwayahawe ngo uyagire itangazo (publicité). Niwaja gusenga wambaye iyompuzu idashoboye gufuka amabere yawe ngo i

uyanyegeze,uzokwisanga uriko utuma Yesu atukwa. Ushobora gusanga hariho umusore canke umugabo afise inkomezi nke,abonye iryobere ryawe ugasanga vyamwankiye ko asenga ahubwo akaja muvyo kukwifuza,akaguma yiyumvira ingene yokuronka,mbere akaba yonakubazako ugurisha.huuuuuh

Murico gihe abaye umusambanyi kubera ko wamubereye igitsitaza, abandi bakanezerwa n’ijambo ry’Imana nawe agatahira kwifuza,ubusambanyi.

ibi bikwigishe kuko haragowe uwuzana ibitsitaza,ingero yiwe nimbi cane(LUKA17:1-2)

Ncuti z’umusalaba nkuko Paulo yabivuze ngo vyose ndavyemererwa,ariko sivyose bingirira ikimazi, rero iyo nyambaro yotuma izina rya Yesu ritukwa nuyireke,wihangane.

Isi n’ibiri kuriyo birahinduka ariko Imana ntihinduka,Rero ntidushushanywe n’ivy’iki gihe(ABAROMA12:1-2)

niwagira ubwibone,ngo nimpaka nawe amabere yawe bayabone kazoba kakubanye,uzoba uri igipfu, usomye mugitabu c’imigani niho uzotahura,ubone impera y’abibona,abagarariji,intabarirwa,….

bakozi b’Imana mwashizwe imbere y’ubwoko bw’Imana ntimwirengagize kuvuga ivyukuri,kuko niwabatinya,canke ukavyirengagiza kubw’inyungu zawe, uzobibazwa.

DUSENGE:Data Uhoraho turagushimiye kuko wewe uhishura amabanga ya satani none turagutakambiye ngo Uhembure umurimo wawe muri iyi misi y’iherezo,nsengeye abantu satani agomba kugira ibikoresho vyiwe kandi arabo watoranirije kumenya ukuri hamwe n’ubwenge bwawe, ubarinde. Uzoduhe kurangiza impore ,ni mw’izina rya Yesu twizeye,Amen.

Publicités