Umukenyezi azwi kw’izina rya Rohey Malick Lowe yatowe kurongora igisagara Banjul, ari naco murwa mukuru w’igihugu ca Gambiya.
Umurwi utegura amatora mu gihugu ca Gambiya, wamenyesheje ko uwo mukenyezi w’imyaka 46 y’amavuka, abaye uwa mbere atowe muri ico kibanza muri kahise ka poritike k’ico gihugu.
Rohey Malick Lowe asanzwe ari mu mugambwe UDP ari nawo umukuru w’igihugu Yahya Jameh arongoye igihugu ca Gambiya arimwo.
Rohey Malick Lowe abaye umukenyezi wa kabiri atsindiye kurongora igisagara mu karere ka Afrika y’Uburengero, inyuma ya Yvonne Aki Sawyerr aherutse gutsindira kurongora umurwa mukuru wa Sierra Leone Freetown.