Indoneziya : Abantu 11 bapfuye mu gitero c’abihevyi

Abantu 11 nibo bitavye Imana, abandi baharurwa mu ma mirongo barakomereka, mu bitero vy’abiyahuzi mu gisagara ca Surabaya mu gihugu ca Indoneziya.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko bivugwa ko mu bakoze ivyo bitero, harimwo umugore yaje mw’isengero afise abana babiri.

Ayo makuru ya BBC, yemeza ko ata muntu canke umugwi wemeye ku mugaragaro ko ariwo wagize ivyo bitero.

Mu bindi vyabaye, igipolisi cishe kirashe abantu bane ciketse ko bari mu bikorwa vy’iterabwoba, mu gisagara ca Cianjur.

Indoneziya ni igihugu kirwiriyemwo abanyagihugu bo mw’idini rya Islamu, ariko kikabamwo n’abakirisu barenga imiliyoni 20.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s