Umugambwe CNDD-FDD usaba amatohoza ku bwicanyi bw’i Buganda

Umugambwe CNDD-FDD usaba amakungu kwiyamiriza yivuye inyuma ubwicanyi bwahitanye abantu 26 ku mutumba Ruhagarika, komine Buganda, mu ntara ya Cibitoke, no gufatira ibihano ibihugu bihaye indaro abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Mw’itangazo umugambwe CNDD-FDD wasohoye inyuma y’amasaha makeya ubwo bwicanyi bubaye, uwo mugambwe umenyesha ko wakiranye umubabaro igitero c’iterabwoba cabereye ku mutumba Ruhagarika, komine Buganda, intara ya Cibitoki.

Umugambwe CNDD-FDD, usaba ababijejwe gukora ibishoboka vyose mu gukora amatohoza, kugira bahashe kandi bakure mu gihugu abatera ubwoba abanyagihugu basanzwe bari mu mahoro.

Muri iryo tangazo, umugambwe CNDD-FDD usaba abrundi kubungabunga amahoro n’umubano mwiza, babicishije mu mirwi y’umutekano ihurikiwemwo na bose.

Publicités