Umurwi CNIDH usaba Reta gukora amatohoza yihuta ku bwicanyi bwabereye i Buganda

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH usaba Reta y’Uburundi gukora vyihuta amatohoza nyayo ku bwicanyi bwahitanye abantu 26 n’abandi 7 bakomeretse mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cabaye mw’ijoro ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Rusama 2018, ku mutumba Ruhagarika, komine Buganda, intara ya Cibitoke, kugira abakoze ubwo bwicanyi n’ababafashije bamenyekane kandi bskubitwe intahe mu gahanga.

Mw’itangazo umurwi CNIDH washize ahabona kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 13 Rusama 2018, Jean Baptiste BARIBONEKEZA arongoye uwo murwi amenyesha ko, umurwi arongoye ubababjwe n’ubwo bwicanyi bw’ikivunga bwakozwe bunyamaswa bugatumbera abanyagihugu b’inzirakarengane, mu ntumbero yo gutera agahinda abanyagihugu basanzwe babanye mu mahoro.

Muri iryo tangazo, umurwi CNIDH usaba kandi inzego zo kwivuna abansi n’izo umutekano, gufata ingingo zikomeye zo kubungabunga umutekano w’abanyagihugu bose,no gukoresha uburyo bushoboka bwose, mu ntumbero yo gukinga, kwitanga umwansi n’ukurwanya ibitero mwene ivyo.

Umurwi CNIDH usaba abanyeporitike kwirinda gufatira kuri ubwo bwicanyi, mu kurwanira inyungu za poritike canke gusubira gucanishamwo, kubiba urwanko no kuryanisha abarundi, kandi bari bamaze gushika ku rugero rushimishije mu bijanye no gusubiza hamwe, ukabasaba kandi kwirinda gukoresha igikenye cotuma ubwicanyi nk’ubwabaye i Buganda.

Muri iryo tangazo, umurwi CNIDH usaba amakungu kwiyamiriza ubwo bw’icanyi bavuga ko aru ubw’iterabwoba, akabandanya ashigikira Reta y’Uburundi mu migambi yo gutsimbataza amahoro n’umutekano.

Umurwi CNIDH ugasaba abarundi kuguma bunze ubumwe kandi bafatanye mu nda, batekanye ariko bakaza baradoma urutoke ku kintu cose babonye giteye amakenga gishobora guhungabanya umutekano.

Ku kibazo co kumenya insiguro baha ubwicanyi nk’ubwo bwabaye ntihagire abaza gutabara, Jean Baptiste BARIBONEKEZA arongoye umurwi CNIDH avuga ko habaye ugusamara mu bajejwe intwaro, mu gukorana n’abegwa bose n’ikibazo c’umutekano.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s