Umuhari RED TABARA urongowe na Alexi SINDUHIJE watinye kwemanga igitero wagize ku banyagihugu bo Ruhagarika mu ntara ya Cibitoke.

Haraheze iminsi itatu umuhari RED-TABARA urongowe na Alexi SINDUHIJE utinya kwemanga igitero cahitanye abana, abagore, abakecuru n’abatama b’inzirakarengane bo kumutumba Ruhagarika, Komine Buganda intara ya Cibitoke.

Kubera ubukene bw’ibikoresho vya gisirikare, uwo muhari ntiwashoboye kuja mu kibira kugira ngo utegure igitero cobaye kwigenekerezo rya 13 Rusama uyu mwaka 2018, uwurongoye abo bagwanyi yaciye atanga itegeko ati ni muje kwica imiryango y’abapolisi n’abasirikare baturuka ku Ruhagarika. Biravugwa kandi yuko n’uwararongoye ikirindiro c’abasirikare ba Leta aho kuruhagarika yoba yarazi ico gitero kuko yarabujije abasirikare bashaka kuja gutabara. Tubibutse yuko aho nyene ku Ruhagarika ari naho abasirikare ba Leta biciye buramatari w’intara ya Cibitoke Sylvestre Mvuze, muri 1994.

Tugarutse kuri izo nyeshamba za RED Tabara zirongowe na SINDUHIJE Alexis zari zahatswe kwirahira abarenga icumi mu nyeshamba za FPB. Uwo batazira « Santé » yari yatanze itegeko ngo bice aba FPB kubera banse kubatiza inkoho n’amasasu kugira ngo binjire mu gihugu c’uBurundi.

Mu mpera y’iyi ndwi turangije SINDUHIJE Alexis yashatse kwemanga iki gitero co Ku ruhagarika cahitanye abantu 26 mugabo abamwegereye bose bamutera ivyatsi bati ni ukwisiga iceyi n’urubwa kubona mwishe abanyagihugu. Kandi n’ubu aguma ababwira ati tutacemanze bizotugora kwegeranya infashanyo z’amafaranga yo kwibeshaho no kugwanya Leta y’uburundi. Uwararongoye igitero co Kuruhagarika, baciye bamwiyicira bonyene bagiheza kujabuka urubibi, bambutse i Kongo.

Publicités