Ariko mweho mur’ubwoko bwatoranijwe,mukoranije kuba abami n’abaherezi.

Yesu ashimwe cane, shalom!

Amashimwe n’ay’uwatubambiwe ku musalaba ,kuko ntavyizigiro vyariho vyokwongera kwemerwa.

1PETERO2:9 Ariko mweho mur’ubwoko bwatoranijwe,mukoranije kuba abami n’abaherezi,mur’ihanga ryera,abantu bashiriweho kuba inyegu yiharije,kugira ngo mukwize ishimwe ry’iyabahamagaye,Ikabakura mu mwiza, ikabashira mu muco wayo utangaje.

ayo majambo petero yayandikiye abantu bakijijwe,bihanye ibicumuro,ivyaha vyabo bigatwikirwa. ni amajambo aha agaciro kadasanzwe uwuyabwiwe.

tugiye kuraba uko zaburi ibwira abantu bakorera Imana ariko batarakizwa neza ngo bashike kumusalaba.

ZABURI50:16-17

Arik’umunyakibi Imana iramubaza,iti wiruhiriza iki kubarira abandi amabwirizwa yanje,ugashira isezerano ryanje mu kanwa kawe?

K’ur’inyankaguhanwa,ugashiburira amajambo yanje inyuma yawe!

hariho itandukaniro rinini hagati yamajambo tubonye muri zaburi hamwe n’ayari muri petero.

niwibuke Yesu yadutumye kuja kubwira amahanga yose ubutumwa bwiza bwo kwihana,ariko Igihe ubikora udakijijwe neza ngo witandukanye n’ibigukwega vyose,ijambo ry’Imana rikubwiye ngo wiruhiriza ubusa.

kuruhira ubusa ni ikintu kibabaje cane,kuko nimba umurimyi yararushe ariko arabiba imbuto, vyasaba aze yiruhutse arangije gusarura.

Imana ishaka ko tubanza tuhakizwa neza,Hama tukabona kubwira abandi ubutumwa.

Ngwino dukizwe,kuko ntabundi buhinga dufise atari ukwiyegereza Imana yacu,kugira ngo Yame itweza,iturinde,iturwanirire muri vyose nahose.Wewe utarakizwa niwature ivyaha vyawe Yesu umwami araguharira.

DUSENGE: Mana turagushimiye kubw’ijambo ryawe kuko ritagenda ubusa,ngwino utwoze ivyaha,utweze,udushoboze kukwubaha no kukwizera, ni mw’izina rya Yesu twizeye,Amen

Publicités