Umushikirizamanza kizigenza wa Republika yashizeho umurwi w’amatohoza ku bwicanyi bw’i Buganda

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika, amenyesha ko bashizeho umurwi wo gutohoza abakoze ubwicanyi bwabereye ku mutumba ruhagarika, komine Buganda, intara ya Cibitoke, ababafashije hamwe n’ababatumye. Sylvestre NYANDWI avuga ko uwo murwi wahawe ikiringo c’ukwezi kumwe, kugira ngo uzobe washikanye iyo dosiye imbere ya sentare.

Mw’itangazo umushikirizamanza kizigenza wa Republika yashikirije abamenyeshamakuru, kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 14 Rusama 2018, yamenyesheje ko amatohoza ya mbere yerekana ko abakoze ubwo bwicanyi bavuye mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, akaba ari naho baciye basubira bahejeje kubukora.

Muri iryo tangazo, umushikirizamanza kizigenza wa Republika asaba abategetsi bo mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi, gufasha Uburundi mu matohoza yamaze gutangura, kugira abakoze ubwo bwicanyi bari ku butaka bwabo bafatwe, hanyuma bshikirizwe ubutungane bw’Uburundi.

Mwomenya ko ubwo bwicanyi bwabaye mw’ijoro ryo kuwa 11 rishira kuwa 12 Rusama 2018, bwahitanye abantu 27 n’abandi benshi bakomeretse, nkuko biri mw’itangazo ry’umushikirizamanza kizigenza wa Republika.

Publicités