Igihugu c’Ubuswise gisaba impande zose mu Burundi gusubira mu biganiro

Igihugu c’Ubuswise kimenyesha ko gitewe amakenga n’ibihe vyegereje amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro mu Burundi. Ico gihugu gihamagarira impande zose gusubira mu biganiro mu ntumbero yo kuguma bubahiriza amasezerano y’amahoro y’i Arusha.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’igisata kijejwe imigenderanire ya Swise n’ibindi bihugu, amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro agiye kuba mu gihe hari abaterwa ubwoba n’uruhagarara mu vya poritike, kandi ata biganiro vya poritike bihari hagati y’abarundi basanzwe n’abanyeporitike.

Muri iryo tangazo, igihugu c’Ubuswise cemeza ko cemera ubwigenge bw’Uburundi mu bijanye n’amatora n’amategeko, ariko kikamenyesha ko kidashimishwa n’uko ibwirizwa nshingiro rishasha ryagiye ahabona ritevye.

Igihugu c’Ubuswise kimenyesha ko ihagarikwa ry’amaradiyo BBC n’ijwi rya Amerika VOA, ikurikiranwa ry’abamenyeshamakuru mu mwuga bakora, ihagarikwa hadakurikijwe amategeko, ibihano bikomeye bihabwa abaharanira agateka ka zina muntu, hamwe n’ikomezwa ry’amategeko mpanavyaha, vyerekana ukugabanuka kw’ubwigenge nyamukuru mu Burundi.

Nk’igihugu cashigikiye amaserano ya Arusha, Ubuswise buhamagarira abategetsi b’Uburundi kwubaha ayo masezerano mu mpande zose, kuko yari yafashije igihugu kuronka amahoro, abera kandi akarorero ibindi bihugu.

Igihugu kirangiza ciyamiriza ubwicanyi bwabereye ku mutumba Ruhagarika, komine Buganda, intara ya Cibitoke, kigasaba abategetsi gukora amatohoza yigenga kuri ubwo bwicanyi.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s