Umugambwe RANAC umenyesha ko ibiharuro vy’ivyavuye mu matora aheruka yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro atarivyo bahagararako, ariko kubwabo baraba iyo batera baja.
Georges NIKIZA avugira umugambwe RANAC mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yavuze ko badaharira ku biharuro vyatanzwe vyavuye mu matora kuko uko vyagenze kwose abanyagihugu batoye kandi ico batoye arico nyene.
Georges NIKIZA yavuze ati :“ Ntiduharira ku biharuro,abanyagihugu baratoye ico batoye n’ico nyene kandi umurwi CENI urafise uburenganzira bwo kumenyesha ivyavuye mu matora.”
Muri ico kiganiro, Georges NIKIZA, yamenyesheje ko ivya Ego canke Oya vy’ibwirizwa nshingiro batabishimikirako cane ico bariko baritegurira ubu ari amatora yimirije ya 2020.