Igihugu c’Uburundi cakiriye inama igira 72 ihuza komite nshingwabikorwa y’ishirahamwe rihuza amanamanshingamateka yo ku mugabane wa Afrika UPA. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO, niwe yaserukiye umukuru w’igihugu mu birori vyo kwugurura iyo nama.
Mw’ijambo ryiwe, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO, yamenyesheje ko ari iteka ku barundi kwakira iyo nama igira 72 ya komite nshingwabikorwa mw’ishirahamwe rihuza abashingamateka bo muri Afrika.
Gaston SINDIMWO yavuze ko kuba Uburundi bwakiririye iyo nama ku murwa mukuru Bujumbura, ari ikimenyetso c’ubucuti bukomeye, kandi ko abarundi bavyemera.