Umugabo umwe yaritavye Imana mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana, igenekerezo rya 27 Rusama 2017,yishwe n’umugore wiwe azwi kw’izina rya Evangeline NDAYIZIGIYE.
Uwo mugabo yishwe azwi kw’izina rya NTIRANYIBAGIRA Jean Marie w’imyaka 43 y’amavuka, yiciwe ku mutumbaKiremba, Zone Muzenga, Komine n’intara ya Bururi.
Ababanyi b’uwo mugabo yaraye yishwe, bavuga ko bataramenya icatumye, umugore afata ingingo yo kwica umugabo wiwe.
Mu bajejwe intwaro n’umutekano, baremeza ayo makuru bakamenyesha ko, amatohoza yamaze gutangura kugira bamenye icatumye uwo mugore yica umugabo wiwe.