Umutumiro w’amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi

Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse imisi yose kuwa gatatu no kuwa gatanu, twama dufise amasengeshi yo gusengera uBurundi n’abarundi.

URUFATIRO.

« REMA UHEZE WITEGE UKUGIRANEZA KW’IMANA »

IBISOMWA

-ZABURI 27: 13-14

-ZABURI 25:3

-MALAKI 4:2-3

INDIRIMBO

16; 21; 36; 45; 83; 81; 94 ;354

IVYO MPWEMU AHISHURA

Mugihe abarundi benshi bugarijwe n’ibibazo bitandukanye:ubukene,inzara, uburuhe bwibihe vya politike , n’ubutunzi butifashe neza. …abantu benshi bahanze amaso abana b’abantu:biteze abantu; amashirahamwe mpuzamakungu (ONG); ama visas; …..ariko Dawidi we ati: » mba narihebuye iyo ntizera kugira neza kw’Uhoraho……. » (zaburi 27:13 )ariko yitega Uhoraho hakwitega abantu; atako araremesha n’abandi. Nawe rero nawe itege uhoraho (zaburi 27:14) kuko abitez uhoraho ntibazomaramara (zaburi 25:3a) gusa abahemuka atanyanduruko nibo nibo bazo maramara (zaburi 25:3b.)

Abubaha Uhoraho izuba/umugisha/gukira/gukizwa/gutabarwa/ kugwanirwa/….ni ivyabo (malaki 4:2-3).

IVYO GUSENGERA

Abaremerewe kubera bibazo; abagwayi; intumwa z’ihanga; ababoshwe; impfuvyi n’abapfakazi; abatagira aho baba; abatabona intumbero mubuzima;

Abaririmvyi ; abadiyakoni; eka umurundi wese numunyamahanga aba canke akunda uburundi n’abarundi.

Nidusangwe Imana -uburundi n’isezerano.

Bigiriwe I Bujumbura le 29/05/2018

Http : / / http://www.abisezerano.com