Abasirikare batanu bishwe mu ngwano n’inyeshamba muri Nigeria

Igisirikare ca Nigeria cavuze ko abasoda batanu bishwe ku munsi wa kane bariko bagwana n’intagondwa zo mu mugwi Boko Haram, mu karere ka Gwoza mu ntara ya Borno mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Abo basoda baguye mu mutego, abandi bahonyora ibisasu bihambwe muri iyo ngwano n’abo bagwanyi, niko itangazo ry’igisirikare rivuga.

Rivuga ko hari n’abagwanyi ba Boko Haram bishwe muri iyo ngwano.

Naho ubutegetsi bumaze igihe buvuga ko Boko Haram yaneshejwe, abagwanyi b’uwo mugwi baracagaba ibitero ku basivile no ku nyungu z’igisirikare.

Publicités