Ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi bumenyesha ko amashuri yakaminuza vyega asabwa guhagarika gutanga inyigisho mu ndinganizo ya kera, bitarenze mu mwaka w’ishuri wa 2017 ushira uwa 2018.
Mw’itegeko umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Gaspard BANYANKIMBONA, yashizeko umukono kuwa gatatu igenekerezo rya 30 Rusama 2018, uwo mushikiranganji amenyesha ko amashure ya kaminuza ategerzwa guhereza abanyeshure baciga mu ndinganizo yak era gushika mu ntango z’umwaka w’ishuri wa 2018 ushira uwa 2019.
Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, amenyesha kandi ko, harenze ico kiringo impapuro z’umutsindo canke izindi mpapuro zitangwa ku wize kaminuza zizofatwa nk’izidakwije ibisabwa, bikazotuma kandi zitemerwa mu bushikiranganji.
Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi amenyesha ko abiga inyigisho za kaminuza mu ndinganizo ya kera, bazocererwa bazoca bagengwa n’amategeko agenga indinganizo nshasha.