Indwi yahariwe abarundi baba mu mahanga itegekanijwe kw’igenekerezo rya 24 gushika kurya 27 Mukakaro

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, amenyesha ko indwi yahariwe abarundi baba mu mahanga itegekanijwe, kuva kw’igenekerezo rya 24 gushika kurya 27 Mukakaro 2018. Ezechiel NIBIGIRA, ahamagararira abaserukira abarundi baba hanze guhamagarira abo barundi kwitaba ico gikorwa.

Mw’ikete umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Ezechiel NIBIGIRA yandikiye umurwi nshingwabikorwa w’ihuriro ry’abarundi baba hanze y’igihugu, amenyesha ko bashima uko abarundi baba hanze bitavye mu mwaka wa 2014 n’uwa 2017.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, asaba umurwi nshingwabikorwa gutegura ikiganiro ku ruhara rw’abarundi baba mu mahanga mw’iterambere ry’igihugu, no gutegura urutonde rw’abazokwitaba ico gikorwa.

Indwi yahariwe abarundi baba mu mahanga y’umwaka wa 2018, itunganijwe ku civugo : ‘’Uruhara rw’abarundi baba mu mahanga mw’iterambere.’’

Publicités