Umunyamabanga mukuru wa COMESA agiye guhagarika imirimo

Umunyamabanga mukuru w’akarere k’isoko rusangi hagati y’ibihugu vyo mu karere ka Afrika yo hagati n’iyo ubumanuko COMESA, amenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2018 atazosubira kurangura ayo mabanga. Sindiso Ngwenya avuga ko ahisemwo kutabananya ayo mabanga, bivuye ko inama y’abashikiranganji yigijwe inyuma incuro zitatu zose.

Mw’ikete yanditse, Sindiso Ngwenya amenyesha ko wewe yari yipfuza kubandanya ari umunyamabanga w’ishirahamwe COMESA, gushika inama y’abashikiranganji ibaye, ari naho yovugiye ko atazobandanya ari mu mabanga.

Muri iryo kete, Sindiso Ngwenya, avuga ko azotanga icegeranyo cerekana ibikorwa yakoze, ’itegurwa akagiha inama y’abashikiranganji b’ibihugu vya COMESA, aho azokwerekana ivyagenze neza mw’itegurwa ry’inama, yerekane kandi intambamyi hamwe n’icokorwa.

Sindiso Ngwenya avuga ko ryabaye iteka kuri we gukorera ibihugu bigize ishirahamwe ry’isoko rusangi hagati y’ibihugu vy ‘akarere ka Afrika y’Ubuseruko na Afrika y’Epfo.

Publicités