Yesu ashimwe cane. Shalom!
ABANYEFESO 6:12 Kukw’abo tunigana atar’ab’inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru.
Turahejeje kubona abo tunigana ingene bameze. None kubwawe,ubona umeze gute?
Igihe vyoshika umu kadogo akaja kunigana na koroneli mbega wibaza ko bigenda gute?
bisaba nawe ube uwuhambaye mu buryo bw’impwemu,kugira ushobore kunesha. Kunda gusenga ivyawe vyose bizogenda neza.
Dusenge: Uhoraho nyenicubahiro,turagushimiye ko uganje mw’isi no mw:’ijuru. Ngwino uduhe ubushobozi bwo kwama tunesha ibiturwanya vyose,ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.