FENADEB isaba amakungu gushigikira Uburundi mu kurwanya urudandazwa rw’abigeme

Umukuru w’ihuriro ry’amashirahamwe yishinze gukingira agateka k’abana FENADEB asaba amakungu gushigikira Uburundi n’abarundi, mu gikorwa co kurwanya urudandazwa rw’abana b’abakobwa.

Aho ari mu nama ya mbere mpuzamakungu ku bijanye n’ugukingira abana mu bukerarugendo n’ugutembera, iriko ibera i Bogotá en Colombie, yasavye amakungu gushigikira utwigoro two kurwanya urudandazwa rw’abana b’abakobwa.

Jacques NSHIMIRIMANA yitavye iyo nama nk’uwuserukira Uburundi kw’izina ry’ishirahamwe FENADEB.

Iyo nama ikaba yabaye kuva kw’igenekerezo rya 6 gushika kurya 7 Ruheshi.

Publicités