
Yesu ahabwe amashimwe n’ic’ubahiro. Shalom
ABANYEFESO 6:19-20 Kandi nanje nyene munsengere, kugira ngo mpabwe insiguro uko mvuze kwose, menyekanishe nshize amanga ibanga ry’ubutumwa bwiza, kuko ndi intumwa yabwo iboheshejwe umunyororo,nsigure ivyabwo nsize amanga,nk’uko bimbereye kuvuga.
Umukozi w’Imana yariko araterereza amasengesho kubw’igikorwa yahawe cogukorera Imana. Mbega nawe mwenedata,urakunda gusengera igikorwa Imana yaguhaye? Mbega urakunda gusengera abandi? Niwige kwisengera wongere usengere imirimo y’Imana,usengere n’abandi,nawe Imana izoguha abagusengera. Murakoze.
Data wa twese rukundo turagushimiye kuko uri rugira vyose. Ngwino uhezagire imirimo yawe tugukorera uduhe ubushobozi bwo gusenga,ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.
Mwiriwe. Ntitwosamazwa nivyo peter yavuze ahubwo dukomeze gusenga Imana ishitseisezerano ryayo
J’aimeAimé par 1 personne