Gitega : Abacamanza babiri bo muri sentare y’intango ya Cankuzo baciriwe gupfungwa imyaka itanu

Sentare nkuru isubiramwo imanza y’i Gitega yarahanishije umunyororo w’impaga w’imyaka itanu n’ihadabu ry’amahera ibihumbi amajana abiri umwumwe, abacamanza babiri bo muri sentare y’intango ya Cankuzo, mu rubanza rwabaye kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 10 Ruheshi 2018.

Abo bakenyezi babiri ni NIZIGAMA Chantal na HATUNGIMANA Odette, bose bagirijwe icaha co kugumuka ,gusuzugura urwego rw’Umukuru w’igihugu, urwego rw’Ubushikiranganji bw’Ubutungane imbere y’ishengero hamwe n’ico guhungabanya umutekano hagati mu gihugu biciye mu kurwanya ishirwa mu ngiro ry’amategeko.