Umuntu umwe niwe yitavye Imana, abashika 20 nabo barakomereka, mu gitero ca gerenade cabaye mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 10 Ruheshi 2018, ku gacimbiri Rutonde, umutumba Birohe, komine n’intara ya Gitega.
Nk’uko amakuru dukesha abakorera abadandariza aho ku Rutonde abimenyesha, ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro, mu nzu y’ubudandarizo y’uwitwa Kenedy NIYONIZIGIYE, umukenyezi umwe w’imyaka yababa 60 aca ariteba Imana uwo mwanya nyene.
Ayo makuru nyene amenyesha ko, mu bakomeretse muri ico gitero ca gerenade, harimwo umusirikare n’umuporisi, bariko bivuna akanyota muri ico kibanza.
Umwe mu badandariza ahabereye ico gitero, avuga ko mu gatondo ko kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Ruheshi 2018, baronse amakuru, ko mubakomeretse bari bajanywe kwa muganga, hoba harimwo babiri bitavye Imana.
Uwo adandariza muri ico kibanza, avuga ko mu gatondo ko kur’uno wa mbere, abajejwe umutekano bazindukiye mu gikorwa co gusaka ibirwanisho, imbere y’uko musitanteri wa komine Gitega n’umukuru w’igiporisi bagirisha inama.