USA : Intumwa zibandanya kwitegurira umubonano hagati ya Donald Trump na Kim Jong Un

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, amenyesha ko anezerejwe no kuba yashize ku mugabane wa Aziya, aho azohurira kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Ruheshi n’umukuru w’igihugu ca Koreya yo mu Buraruko, Kim Jong Un. Intumwa za Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’iza Koreya yo mu Buraruko zamaze gutangura gutegura itangazo rizoshikirizwa inyuma y’umubonano.

Urubuga rw’iradiyo y’abafaransa RFI, rumenyesha ko ariwo mubonano wa mbere muri kahise, uhuje umutegetsi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’uwa Koreya yo mu Buraruko.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko intumwa za Amerika n’iza Koreya yo mu Buraruko zamaranye amasaha abiri mw’ihoteri Ritz, baganira mu buryo bwiyaguye ku mubonano hagati y’abakuru b’ibihugu vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Koreya yo mu Buraruko.

Mu vyo bavuganye, abanyamerika boba basavye ko mu masezerano yoshirwako umukono Koreya yo mu Buraruko yokwemera guhagarika gukora ibirwanisho ruhonyanganda mu buryo buboneka kandi ntibisubire, bakaronka n’ikirangaminzi c’uko bizokorwa, mu gihe Koreya yo mu Buraruko isaba ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishinga ikibanza c’ihuriro ku murwa mukuru Pyongyang.

Ku ruhande rwiwe, Donald Trump yari yamenyesheje ko ashobora kuzotumako, umukuru w’igihugu wa Koreya yo mu Buraruko kugira bahurire I Washingaton, mu kwezi kwa Nyakanga 2018.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s