Umurwi CNTB wahawe umurongozi mushasha, CNC nayo ihindurirwa abayigize

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashize umukono kw’itegeko rigena umukuru mushasha w’umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, CNTB, hamwe na bashasha bagize ikigo c’igihugu kigenzura ingene ibinyamakuru bikora CNC.

Mu murwi CNTB, Felicien NDUWUBURUNDI niwe yagenywe kugira asubirire Festus NTANYUNGU yahora arongoye uwo murwi, mu gihe Nestor BANKUMUKUNZI yagenywe kugira asubirire KARENGA Ramadhan mu murwi CNC.

Felicien NDUWUBURUNDI yari asanzwe arongoye ihuriro ry’imigambwe FDP yagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/060 ryo kuwa 8 Ruheshi 2018, mu gihe Nestor bankumukunzi yagenywe n’itegeko inomero 100/058 ryo kuwa 8 Ruheshi 2018.

Nestor BANKUMUKUZI akaba yahora ari umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, amaposita hamwe n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru.

Publicités