MINUSCA : Umusirikare w’umurundi yitavye Imana yishwe n’abitwaje ibirwanisho

Umusirikare w’umurundi ari mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique mu rwego rwa MINUSCA yarishwe , uwundi umwe akomeretswa n’abantu bitwaje ibirwanisho, mu gace ka Bambari kari hagati mu gihugu ca Centrafrique. Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres akaba yaciye ahoza umuryango w’uwabuze yipfuriza kandi uwakomeretse gukira.

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU, amenyesha ko yibukije ko ibitero bikorwa ku basirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bija mu rwego rw’ivyaha vyo mu ntambara, kandi ko abakora ubwo bwicanyi bashobora gufatirwa ibihano.

Antonio Guterres asaba abategetsi b’igihugu ca Centrafrique gukora ibishoboka vyose kugira habe amatohoza azotuma bamenya ababikoze, gutyo bashikanwe imbere y’ubutungane.

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU, amenyesha ko umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, yemeje ko abandanya ashigikira MINUSCA mu twigoro two gukingira abanyagihugu no kuronderera umutekano igihugu ca Centrafrique.

Ku ruhande rwa MINUSCA, bariyamiriza ico gitero cabaye kur’uyu w’Imana, bakiyamiriza kandi irwirirana ry’ibitero ku basirikare babo, bakemeza ko bagiye gukora ibishoboka vyose kugira abakora ubwo bwicanyi bashikanwe imbere y’ubutungane.

Abaye umusirikare agira gatanu w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yitavye Imana yiciwe mu gitero, kuva mu kwezi kwa mbere kw’umwaka wa 2018, ico gitero naco kikaba kibaye ica kabiri mu ndwi imwe gusa.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s