Cibitoke – Murwi: Umuntu umwe yitavye Imana, 5 barakomereka mu gitero ca gerenade

Umwana umwe niwe yitavye Imana, abandi bantu batanu barakomereka, mu gitero ca gerenade cabaye mw’ijoro ryo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Rusama 2018, ku mutumba Murwi wa zone Murwi na komine Murwi, mu ntara ya Cibitoke.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha imwe n’igice z’ijoro ku rugo rwa GATESA Samuel, umwana umwe aca yitaba Imana uwo mwanya nyene.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, avuga ko abantu batanu bakomeretse baciye bajanwa ku bitaro vyo mu Cibitoke aho bariko baravurigwa muri iki gihe.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, avuga ko abantu batatu bamaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza.