La Haye : Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yasavye ko Jean Pierre BEMBA arekurwa

Sentare Mpanavyaha mpuzamakungu y’ i La Haye mu gihugu c’Ubuhorande yategetse ko uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, Jean Pierre BEMBA arekurwa ivy’agateganyo.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abashingwamanza baburanira Jean-Pierre Bemba, bari basavye ubucamanza ko yorekurwa.

Hari haheze hafi indwi, Sentare y’iyungururizo imwejeje ku vyaha vyo mu ntambara, n’icaha co guhungabanya agateka ka zina muntu, ariko sentare yavuze ko bari bamurenganije.

Jean Pierre Bemba yari yaciriwe urubanza mu mwaka wa 2016, yagirwa n’ivyaha abasirikare biwe bakoze mu gihugu ca Centre Afrique hagati y’umwaka wa 2002 n’uwa 2003.

Ingingo yo kurekura Jean Pierre BEMBA ivy’agateganyo, ije ihagarika igihano co gupfungwa imyaka 18 yari yaciriwe.

Ku ruhande rw’abakuzi biwe kandi banamushigikiye , iyo ngingo yakiriwe n’impundu z’umunezero .

Umushikirizamanza wa sentare mpanavyaha mpuzamakungu, Fatou Bensouda, yavuze ko urwo rubanza rubabaje kandi rurimwo amakenga.