Ntimukazimirire muvyo mwemera canke amadini.

KUZIMIRA MUVYO KWEMERA CANKE MU VY’IDINI.

Abantu Beshi bibaza ko kuzimira biri ku Muntu afata Urugendo rusanzwe aja ahantu atazi ! Ariko hamwe no mu vy’Imana kuzimira birabaho, mbere ubu birarenze. Yes’ati: « Abaca mw’irembo rinini ni benshi kandi iryo rembo rija mu mahonero » MATAYO 7:13-14

ICO KUZIRIKANA: Iyo Abantu banse kwemera ko bazimiye bafatwa co kimwe n’abandi banyavyaha, n’ubwo bo baguma bihumuriza ngo ntaco sikizima dusenga Imana. Ako ka « NTACO » niko kazokwega akarambaraye ku muhero. Yes’ati: « Basenger’ubusa kukw’inyigisho bigisha ari ivyagezwe n’Abantu, MARIKO 7:6-9. Kand’ati: « Uwic’ugutwi ngo ntiyumve ivyagezwe, n’ugusenga kwiwe nako kuba igisesema » IMIGANI 25:9.

Abandi nabo bakavuga ngo reka turindire Umusi w’Urubanza ! Ukwo ni ukwigerezako kuko ku musi w’Urubanza nta Mahoro ariyo ku banse guhinduka hakiri kare. Bibiriy’iti: « Aravumwe uwifuza umusi w’Uhoraho » AMOSI 5:18

Abandi nabo bakavuga ngo Imana ntiraba IDINI. Ico n’ikinyoma cambay’ubusa. Idini Imana irariraba, kuko Yesu yavuze ngo: « Impumyi irongoye iyindi bose bagwa mu cobo » MATAYO 15:14. Aronger’ati: Kukw’abarongora ubu bwoko babuzimiza, kand’abarongowe nabo barahona » YESAYA 9:15-16.

MU CIGWA GIKURIKIRA TUZOKWIGA IMVO ZITUMA ABANTU BAZIMIRA BAKIZERA IBINYOMA

Imana igufashe cane ! Amen.

Publicités