Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirashima ko umukuru w’igihugu C’Uburundi atazokwitoza muri 2020

Ibiro vy’umuvugizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko vyakiriye neza ijambo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashikirije kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018, ko atazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, mu matora ya 2020.

Mw’itangazo ryo kur’uyu wa kabiri, igenekerezo rya 12 Ruheshi 2018, umuvugizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, amenyesha ko ingingo y’umukuru w’igihugu ishobora kuba intambwe nziza mw’itera mbere ry’intwaro rusangi mu barundi ikaba n’akarorero keza ku bandi barongozi bo mu karere.

Ibiro vy’umuvugizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bisaba Reta y’Uburundi gufata intambwe ziboneka mu guteza imbere intwaro, kwubaha agateka ka zina muntu, gutanga urubuga ku banyagihugu no guteza imbere ubwigenge bw’ibinyamakuru.

Ibiro vy’umuvugizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko, izo ngingo ari nyamukuru ku bwigenge, ku cizere, no kwugurura ihiganwa rya poritike mu gutegura neza amatora ya 2020.

Babicishije ku biro vy’umuvugizi, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zemeje ko zibandanya gushigikira Uburundi n’abarundi mu bijanye no gutsimbataza amahoro n’iterambere.

Publicités