Namwe yarabagize bazima hamwe mwari mupfuye mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu

Yesu ashimwe cane. Shalom!

ABANYEFESO 2:1 Namwe yarabagize bazima hamwe mwari mupfuye mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu,ivyo mwagenderamwo kera,nk’ ukw’ ivy’ iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirere,ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa.

Turashimiye umucunguzi kubwo kuduhindurira amateka, akadukura murupfu akadushira mu buzima kandi butazoshira.

Mbega mubuzima bwawe uritwararika, kugira ntutwarwe akayombekere n’umurwanizi?

Raba iburyo,urabe ibumoso,imbere n’inyuma kugira satani ntaronke aho aguca.Aho usanga warananiriwe ca uja Ku mavi usabe imbabazi hamwe n’inkomezi.

Umunyavyaha,intabarirwa,abagome turababuriye kuko inyuma y’urupfu ntagakiza kahari,ngwino Kwa Yesu, urababarirwa.

Dusenge: Mana turagushimiye cane.Niwewe muzigamyi kandi mucunguzi harira ivyaha vyabaciye bugufi imbere yawe kandi wame udushoboza kunesha satani.Ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.

Publicités