Kirundo: Abantu 16 birukanywe mu Rwanda

Abarundi 16 nibo birukanywe bavuye mu gihugu c’Urwanda kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 4 Mukakaro uyu mwaka wa 2018, bakaba binjiye mu Burundi baciye ahitwa mu Gasenyi muri komine Busoni mu ntara ya Kirundo.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo birukanywe ari abagabo 2 bo muri komine ya Kirundo.

Abandi bantu 9 bagizwe n’abagabo 8 n’umugore 1 nabo muri komine Busoni ,umugabo wo muri komine Bugabira,umugabo wo muri komine Vumbi hamwe n’abagabo 3 bo mu ntara ya Muyinga.

Publicités