REGIDESO isaba ababa mu gisagara ca Bujumbura kwiyungunganya no kuziganya amazi

Ishirahamwe rijejwe gutanga amazi n’umuyagankuba REGIDESO risaba abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura kwiyungunganya mu kuziganya amazi mu kurindira ko ibikorwa bijanye no kuzibura imihora itwara amazi meza yazivye bihera.

Mw’itangazo ryasohowe n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe REGIDESO, Simeon HABONIMANA rimenyeshako ikena ry’amazi ryibonekeza mu ma karitiye y’igisagara ca Bujumbura ryavuye ku ngorane zabaye kw’ihinguriro ry’amazi ya Tanganyika asanzwe akoreshwa mu gisagara ca Bujumbura.

Simeon HABONIMANA avuga ko imvura y’urushana yatumye izana urushanga rwinshi rwatumye ibikono bihingura amazi meza asanzwe atangwa mu gisagara ca Bujumbura biziba bica bituma amazi atayungururwa neza.

Uyo muyobozi mukuru wa REGIDESO aheraheza amenyeshako ibisata bijejwe ubuhinga n’ibikorwa biriko birakora ibishoboka kugira umwimbu w’amazi atangwa wiyongere mu gisagara ca Bujumbura.

Publicités