Uganda na Kongo vyagwaniye mu kiyaga Edward

Umutegetsi muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo yabwiye ibiro ntaramakuru AFP ko abantu indwi barimwo abasirikare bane ba Uganda bapfiriye mu mu migwano hagati y’ingabo za Kongo n’iza Uganda mu kiyaga Edward kiri hagati y’ibihugu bibiri.

Donat Kibwana, ukuriye akarere ka Beni, yabwiye ibiro ntaramakuru AFP ko abasirikare ba Kongo barwanira mu mazi bari bari ku irondo aho barasana « n’ubwato bwa Uganda buri ku irondo » mu gitondo co ku wa kane.

Yongeyeko ko ubwo bwato bwa Uganda bwarohamye, abasirikare bane ba Uganda ndetse n’abanyagihugu b’abasivile batatu bose bagapfa.

Umudepite wo muri Kongo, Jaribu Muliwavyo, yabwiye radio yaho yitwa Virunga Business Radio ko iryo kozanyako ryatewe no kutumvikana ku burenganzira bwo kurobera mu kiyaga Edward.

Ikinyamakuru The New Vision candikirwa muri Uganda casubiyemwo amajambo y’umuvugizi w’igisirikare ca Uganda, Brig Richard Karemire, yegetse ico gitero ku bo yise « abagabo bitwaje intwaro bateye gerenade ku bwato bwacu bw’irondo. »

Brig Karemire yabwiye iki kinyamakuru ko abasirikare babiri ba Uganda bakomeretse bikomeye.

Publicités