Ibimenyeshejwe ku bizera amasezerano bose: Ntimusahugwe n’abantu canke imigwi y’abantu bavuga isezerano

Ntimusahugwe n’abantu ngo ni uko bavuze ivyo isezerano. Nkuko abahinga babivuga, hariho abagize  » Isezerano  » urudandazwa. Bagurisha ikarata yabo ngo niyo isezerano amafaranga ibihumbi 50 kubafise akazi n’ibihumbi 20 kubatagafise. Ntimusahugwe. Ihanga ry’Imana ABISEZERANO ntamakarata bariko baragurisha kandi nta ntererano bariko baratoza. Aha tubwira cane cane abatubajije bari mu Rumonge no mu gihugu c’Ubuganda. Hari abakoze mw’isezerano Imana yahaye uburundi imihari, imigambwe, amadini canke amashirahamwe aharanira inyungu zabo. Mwiyubare, niwagura ikarata yabo canke ukamuha amahera yawe, umenye yuko ugavye ntuze wicuze. ABISEZERANO duhamagarira abantu kwihana, kwitunganya, gusenga no gukorera Imana ibisigaye bizoba inyongera. Ntimusamazwe nabakora imigwi ngo izogutabara. Uzotabagwa n’Uhoraho Imana igihe cayo kigeze. Niwiroha uzorohama kandi ni wibira uzosoma nturi, ntihagire uzoguhenda.

Publicités